{"id":127,"date":"2026-08-04T14:28:48","date_gmt":"2026-08-04T14:28:48","guid":{"rendered":"https:\/\/shimafm.org\/?p=127"},"modified":"2026-08-04T14:28:48","modified_gmt":"2026-08-04T14:28:48","slug":"abagabo-bubatse-biciye-mu-mategeko-bahamagarigwa-gushira-abakenyezi-babo-ku-mpapuro-ndangatongo-kugira-bashobore-kuzisabirako-ingurane-mu-gufashanya-gutezimbere-imiryango-yabo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/shimafm.org\/?p=127","title":{"rendered":"Abagabo bubatse biciye mu mategeko bahamagarigwa gushira abakenyezi babo ku mpapuro ndangatongo kugira bashobore kuzisabirako ingurane mu gufashanya gutez\u2019imbere imiryango yabo"},"content":{"rendered":"<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Ako kamo bagaterwa na Ndirariha Jacques, umwe mu bagabo bo mu gisagara ca Rumonge yashize umukenyezi wiwe ku rupapuro ndangatongo bita \u00ab\u00a0Certificat Foncier\u00a0\u00bb kugira ashobore kurukoresha mu gusaba ingurane.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Tubanje gusoma amategeko y\u2019Uburundi ico avuga dusanga \u00ab\u00a0igisata ntunganyamatongo ku rwego rw\u2019amakomine mu Burundi gishirwaho n\u2019itegeko riraba ibijanye n\u2019amatongo.Ico gisata catanguye gukorera mu makomine amwamwe hagati y\u2019umwaka 2007-2008, ariko muri komine Rumonge kikaba catanguye gukora kuva mu mwaka w\u20192021.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong><em>Muri komine Rumonge vyifashe gute?<\/em><\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Ibiharuro biva muri ico gisata ku rwego rwa komine Rumonge vyerekana ko kuva mu kwezi kwa Nzero gushika muri Ruheshi 2026, abagabo bashika 244 aribo baje gusaba impapuro ndangatongo zo ku rwego rwa komine \u00ab\u00a0Certificat Foncier \u00ab\u00a0. Abo bose bakaba barashize \u00a0abakenyezi babo kuri izo mpapuro. \u00a0N\u2019ubwo bir\u2019uko, hari n\u2019abandi bagabo bagitinya kuza gusaba izo mpapuro ndangatongo kubera ko banka ko abakenyezi babo bashirwa kuri izo mpapuro na rirya muri komine ata mugabo baha \u00ab\u00a0Certificat Foncier\u00a0\u00bb atemeye gushirako umukenyezi wiwe.\u00a0<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\" wp-image-129 alignright\" src=\"https:\/\/shimafm.org\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/WhatsApp-Image-2026-08-04-at-4.12.16-PM-300x169.jpeg\" alt=\"\" width=\"533\" height=\"300\" srcset=\"https:\/\/shimafm.org\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/WhatsApp-Image-2026-08-04-at-4.12.16-PM-300x169.jpeg 300w, https:\/\/shimafm.org\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/WhatsApp-Image-2026-08-04-at-4.12.16-PM.jpeg 720w\" sizes=\"auto, (max-width: 533px) 100vw, 533px\" \/><\/strong><strong>Ntiranyibagira Evariste, aserukira vy\u2019imfatakibanza igisata ntunganyamatongo muri komine Rumonge asigura ko basaba ko umukenyezi ashirwa ku rupapuro n\u2019umugabo bubakanye mu ntumbero yo gukingira umukenyezi mu bijanye n\u2019ubutunzi bw\u2019umuryango. \u00a0<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong><em>Abagabo bamwebamwe baramaze gutahura akamaro ko gushira abakenyezi babo ku mpapuro ndangatongo.<\/em><\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>\u00a0Ndirariha Jacques umwe mu bagabo bo mu gisagara ca Rumonge yashize umukenyezi wiwe ku rupapuro ndangatongo asigura ko : \u00ab\u00a0icatumye abikora ar\u2019uko umugore ari inkingi y\u2019urugo, yarasinye ko bazobana gushika gupfa, nta kabuza ko yomushira ku nkaratasi z\u2019itongo kuko bishobora gushika bakakira ingurane hamwe gutyo bakiteza imbere mu gukora imigambi. \u00ab\u00a0<\/strong><\/p>\n<p><strong><em>Abakenyezi bati kwandikwa k&rsquo;urupapuro ndangatongo ni kuronka urufunguruzo rw&rsquo;iterambere.<\/em><\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Hari numwe mu bakenyezi bo mu gisagara ca Rumonge atashimye ko tumuvuga izina, aremeza ko uwo bubakanye yamushize ku rupapuro ndangatongo aca arusabirako ingurane bituma biteza imbere mu muryango wabo.Yaba uwo mugabo canke uyo mukenyezi bose bahamagarira abagabo bagifise ingendo yo kutorohereza no kutizera abo bubakanye mu bijanye n\u2019ubutunzi bw\u2019umuryango kuvavanura nayo kuko iterambere ry\u2019umwe rigoye cane.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Nayo Ibiharuro biva mu gisata ntunganyamatongo muri komine Rumonge vyerekana ko mu mezi 6 y\u2019umwaka wa 2026 abakenyezi 27 aribo bakiriwe baje kwandikisha amatongo yabo kandi bashizeko n\u2019abagabo bubakanye. \u00a0<\/strong><\/p>\n<p><strong><em>Abubakanye badakorera hamwe, vyugururira umuryango w\u2019ubukene mu miryango yabo<\/em>.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Ku bwa Patiri Sindayikengera Cyriaque, umuhinga mu bijanye n\u2019iterambere ryo mu kibano, ahamagarira abagabo gukorera hamwe n\u2019abakenyezi babo mu ntumbero yo gutez\u2019imbere imiryango. Uwo muhinga atomora ko mu gihe abubakanye badakorera hamwe, vyugururira umuryango w\u2019ubukene mu miryango yabo.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Mu Kirundi bagira bati : \u00ab\u00a0umutambukanyi\u00a0\u00bb bisigura ko umutwe umwe utigira inama. Umugabo n\u2019umugore ni abatambukanyi kuko n&rsquo;aho badasa barunganiranira.Bivuze ko umugabo arafise impano ziwe n\u2019ingabirano ziwe n\u2019umugore arafise impano n\u2019ingabirano ziwe, bisigura ko hagize uwuvamwo canke uyundi akikumira canke agakumirwa haca haba hariho agahaze. Abakenyezi mw\u2019iteka ryabo bubahirizwe.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Sindayikengera avuga kandi ko umuntu atari gati ka Waga, ntiyirebanga we nyene ubwiwe, bivuze ko mu muryango ari ishirahamwe ridasanzwe \u00a0hagati y\u2019umugabo n\u2019umugore kuko bafitaniye ubumwe. Ni magiriranire mu bijanye no gutunganya ubutunzi, ibituma urukundo rwabo rutotahara.Kwinubana ni irembo ryugururira ubukene yamara ubumwe n\u2019urukundo no kwumvikana, gufashanya, vyose ni irembo ryuguruye ry\u2019iterambere. Ni naho hava ko umuntu avuga ko umukenyezi afise uruhara runini mw\u2019iterambere ry\u2019ibihugu n\u2019intara. \u00a0Abakenyezi basigaye inyuma mw\u2019iterambere ntibikunda ko iryo terambere ritera intambwe.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Umugabo ni umutwe w\u2019urugo ariko arunganirwa na mugenzi we. Sindayikengera agirako atera akamo abagabo ko aribo bategetsi mu ngo zabo (directeur g\u00e9n\u00e9ral) aratanga amategeko nivyo ariko atibagiye y\u2019uko umutwe w\u2019umwe ntiwigira inama ni magiriranire, niyakumira umukenyezi wiwe azoba ariko arakumira iterambere, ibintu bigenze neza bishirwa umugabo bibaye nabi bitukwa we kuko ari Serugo.<\/strong><\/p>\n<p style=\"font-weight: 400\"><strong>Mufise ico mwotuyagira ku bijanye n\u2019amatongo canke ico mubaza, hariho ico iyi nkuru ibunguye mwotwandikira kuri 68 007 000. Ivyiyumviro vyanyu birahawe ikaze!<\/strong><\/p>\n<p><strong>Inkuru yakoze na : Frank BARANDEREKA na Ange Nadia KWIZERA.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ako kamo bagaterwa na Ndirariha Jacques, umwe mu bagabo bo mu gisagara ca Rumonge yashize&#8230;<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":128,"comment_status":"open","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[3],"tags":[38,22,36,37],"class_list":["post-127","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amakuru","tag-ajebudi","tag-shimafm","tag-titre-foncier","tag-yaga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/127","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcomments&post=127"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/127\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":130,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/127\/revisions\/130"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/media\/128"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fmedia&parent=127"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcategories&post=127"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/shimafm.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Ftags&post=127"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}