Gushika kuri uno munsi, nta murundi numwe aba muri Afrika y’Epfo aragira ikibazo canke ngo agirirwe nabi

Bino, vyemezwa na Edouard Bizimana, Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Hari kuri uyu wa 6 Rusama 2026.

Ivyo, abishikirije inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2026, ubuserukizi bw’Uburundi muri Afrika y’Epfo bugabishirije Abarundi bari muri ico gihugu ko hari imigumiko iriko irategurwa yo kugirira nabi abanyamahanga baba muri ico gihugu.

Bizimana amenyesha ko baguma bahimiriza abatwara Afrika y’Epfo gukora ibishoboka vyose ngo ubuzima bw’Abarundi n’abandi banyamahanga baba muri ico gihugu bwubahirizwe, kuko abanyamahanga n’abanyagihugu ubutegetsi nibwo bujejwe kubakingira.

🗣️ Umushikiranganji w’imigenderanire asaba Abarundi ko bokwirinda kuja ahantu hateraniye abantu benshi, kwirinda gufata ingendo kugira barindire ko ibintu bizosubira kumera neza bagasubira gukora imirimo y’abo.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *