Igihano kiva ku myaka 5 gushika ku myaka 7 ku busuma bubayabaye… nk’uko bitegekanywa n’ingingo ya 275 y’igitabo mpanavyaha.

Ukwambura ku nguvu ivyo umuntu afise (Extorsion) navyo bihanishwa kuva ku mezi 6 gushika ku myaka 30 bivanye n’ingene ubusuma canke ukwo kwambura umuntu bimeze vyagenze nk’uko biri mu ngingo ya 278 y’igitabu mpanavyaha….

Bino bishikirizwa na Sylvain Majeur Sindayigaya, umushingwamanza akaba anakurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina-muntu. Hari kuri uyu wa 7 Rusama 2026 kuri micro y’insamirizi Shima Fm.

🔙 Uno, abishikirije inyuma y’aho hari hamaze iminsi hibonekeza ubusuma kuri imwe mu mitumba igize zone na komine Rumonge aho hari n’abamaze gukomeretswa.

🤌 Mu gihe hari abagirizwa ubusuma, bafatwa hagahera igihe gito ukabona bararekuwe, Sindayigaya ahanura abajejwe ubutungane n’inyamiramabi gukurikiza amategeko kuva mu matohoza gushika gushika aho uwagirijwe acibwa urubanza.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *