Mu makomine 7 agize intara ya #Burunga, komine Bururi niyo yonyene itashikanye imiriyoni 60 zisabwa ko buri komine yinjiza ku kwezi

vyo, vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya #Burunga Parfait Mboninyibuka mu nama yariko iraremeshwa n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ku ndongozi nkuru nkuru zigize iyo ntara, kuri uyu wa 5 Rusama 2026 ku murwa mukuru wa komine #Rutana.

👌 Muri iyo nama, Buramatari yamenyesheje ko ku mitumba 546 igize intara ya Burunga harangwa amahoro n’umutekano ndetse n’iyo bishitse hakagira ikitagenda neza barakorana neza n’inyabune maze bagatora inyishu.

🥑 Abenegihugu b’i Burunga ngo bariko barakamisha ayo mahoro n’umutekano mu gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere, aho ibiti vy’amavoka bigera ku bihumbi 782.864 bimaze guterwa yamara igice kinini c’iyo ntara kigizwe n’ibiyaya bitewemwo ibigazi.

📌 Ku ruhande rw’indongozi, mu minsi 100 y’umukwanguro, mu gisata co kuduza ubutunzi, Mboninyibuka amenyesha ko hashizweho uburyo butuma bamenya amafaranga yinjiye ku munsi ku munsi mu makomine, ivyatumye bashika kw’ihangiro ryo gushikana imiriyoni 60 kuri buri kwezi kuri komine yose uretse komine Bururi yonyene itarashika kuri iryo hangiro. Yamara iyo nayo nyene bariko barayikwirikirana kandi intambwe irahari.✍️

👏 Umukuru w’igihugu c’Uburundi Évariste Ndayishimiye yarakeje abizewe haba ku mitumba, mu mazone hamwe no mu makomine kuko bamaze gukanura mu bijanye no kwubaka igihugu.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *