Aho tuvuga ni neza na neza ku mutumba na zone Mudende, komine Rumonge y’intara ya Burunga. Iyo migende y’amazi yakozwe n’abenegihugu bo nyene ubwabo mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’amazi meza.
Iyo migende imaze gukorwa iri ku bucimbiri 4 ifise ibirometero birenga 10. Bamwe mu benegihugu baba ku mutumba wa Mudende bakaba bamaze kuronswa amabombo mu mihana yabo abandi bakaba barakorewe amabombo rusangi.
Abo benegihugu basigura ko Habonimana Pado ariwe yazanye iciyumviro, abereka n’uko bogishira mu ngiro. Muri kino gihe, abo benegihugu bavuga ko borohewe kuko bavoma kure bakavoma n’amazi mabi ariko ubu bavoma amazi meza, bamwe muri bo bakaba bamaze no kuyavyaza umusaruro. 
Habonimana Padon asanzwe ari umufundi afasha gukwega ayo mazi asigura ko uwo mugambi yawiyumviriye bivanye n’ubukene bw’amazi bwibonekeza kuri uyo mutumba aca yegeranya abenegihugu baratanga uburyo, imiryango ishika 100 ikaba imaze kuronka amazi meza
Hari abanka ko mu matongo yabo hacishwa imiringoti
N’ubwo bir’uko, Habonimana asigura ko mu bikorwa arangura ahura n’intambamyi zijanye n’uko hari abenegihugu banka ko bacisha imiringoti mu matongo yabo n’abafise imirima mu masoko bataborohereza.
Ikindi Habonimana avuga ni ikibazo kijanye no kwubaka ibigega vy’amazi kuko bisaba uburyo bwinshi. Asaba intwaro gufasha ico gikorwa kugira ngo umutumba wa Mudende uronke amazi meza.
Ntirampeba Méchaque arongoye umutumba wa Mudende aremeza ivyo bikorwa bimaze kurangurwa. Ku kijanye n’abenegihugu batorohereza uyo mugambi avuga ko atanga impapuro.
Ntirampeba ahamagarira abenegihugu gutahura akamaro k’amazi meza.

