Abanyeporitike bo mu migambwe RADEBU FRODEBU bavuga ko ivyo kwanka kwakira ivyiyumviro bitandukanye n’ivyawe biriho mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu.Mu mugambwe Sahwanya Frodebu, Sylvestre Bikorindagara awuvugira ashikiriza ko ivyo vyibonekeza cane nko muri poritike. Aho atanga akarorero ko ivyiyumviro vyabo vyanse kwakirwa.

Jean de Dieu Mutabazi wo mu mugambwe RADEBU nawe avuga ko ivyo kwanka kwakira ivyiyumviro vy’abandi biri muri kamere k’abantu (dictature, igikenye).
Ibituma hari abanka kwakira ivyiyumviro bitandukanye n’ivyabo harimwo agasuzuguro, nk’uko uwurongoye umugambwe RADEBU.
Iciyumviro ciwe gisa n’ica Bikorindagara Sylvestre avugira umugambwe Sahwanya Frodebu aho abona ko ari amanyama n’ubwishime.
Rémy Havyarimana, umuhinga mu bijanye no gutatura amatati bidaciye mu ngimba asigura ko ukwanka kwakira ivyiyumviro vy’abandi bituma umuntu arondera kwumvwa ku nguvu, ibitari vyiza namba.
Uyo muhinga mu bijanye no gutatura amatati bidaciye mu ngimba co kimwe n’abanyeporitike bo mu migambwe RADEBU na Sahwanya Frodebu babona ko abari imbere y’abandi na canecane indongozi ko bokwama bakira ivyiyumviro n’aho vyoba bidasa n’ivyabo kuko ari vyo vyubaka ikibano n’igihugu.
