« Inyagaze « umugambi w’umugambwe APDR wo kwegeranya uburyo umukandida wawo azotanga nk’ingwati mu matora yo mu mwaka 2027.

Umugambwe APDR ugiye gushwara mu mitumba yose no ku benegihugu bose ubicishije mu mugambi Inyagaze, aho umwenegihugu azosabwa gutanga amafaranga igihumbi

Umugambi inyagaze uzohamagarira abanywanyi, incuti n’abagenzi ba APDR gutanga intererano zizofasha uwo mugambwe kwitegurira amatora neza, ata hungabana ry’uburyo.

Ngo uwo APDR izobwira #inyagaze azoce amenya ko umugambwe w’Abanyamahoro umwatse igihumbi nakare ngo « Isorosoro igwirira iyo igiye » Ivyo, Gabriel Banzawitonde, umukandida w’umugambwe APDR yabishikirije kuri uyu wa 28 Ruheshi 2026 i Bujumbura mu gihe yari ahejeje gutorwa ngo azoserukire umugambwe APDR mu matora yimirije mu 2027.

 Ni mu gihe mu bisabwa umugambwe n’uburyo bw’amafaranga budasigara inyuma, aho hasabwa amafaranga y’ingwati angana n’imiriyoni 100 kugira wemererwe kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu.

 Tubibutseko ko, Gabriel Banzawitonde abaye umukandida agira 2 mu bazohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu 2027 inyuma y’uwatanzwe na Cndd-Fdd, Evariste Ndayishimiye asanzwe aramutswa igihugu c’Uburundi uno munsi.

Gabriel Banzawitonde ariko ashikiriza ijambo abanwanyi b'umugambwe APDR

 

Umugambwe APDR-Abanyamahoro ngo waramaze gufata ingingo yo kuza uritaba amatora yose ategekanijwe mu Burundi

Vyashikirijwe na Gabriel Banzawitonde inyuma yo gutorwa nk’umukandida azokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu mwaka w’2027.Hari ejo hahise ku wa 28 Ruheshi 2026 i Bujumbura mu gihe uwo mugambwe wari watunganije ikoraniro kaminuza ryo gutora umukandida azokwitoza mu 2027.

Afashe ijambo inyuma yo gutorwa, Gabriel Banzawitonde yavuze ko umugambwe APDR uzokwama witaba amatora yose ategekanijwe.Ngo n’aho intambamyi zitabuze, hari ababaca intege, hari n’ababahebuza, yamara ngo kwitabira amatora ni intumbero yo gutsimbataza demokarasi n’akaryo keza ko kurinda Uburundi ntibusubire gukorokera mu maboko y’umugambwe umwe.

APDR ngo igiye guhiganwa idahezanyayo Banzawitonde yararemesheje umukandida amaze gutangwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD n’abandi bose bazoza ko bose bagiye mw’ihiganwa badahezanyayo, bazemera aho intahe ishize.Kubera ivyo, mu minsi mikeyi, APDR ngo igiye gushiraho umugwi uzobategurira neza amajambo 2, ijambo ruzoshikirizwa baramutse baronse intsinzi n’ijambo ruzoshikirizwa nibatsindwa bariko barakeza uwabatsinze.Abanyamahoro basaba ko amatora yoba mu muco ndetse n’uwutsinzwe ntibatsindeho.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *