Ako kamo bagaterwa na Ndirariha Jacques, umwe mu bagabo bo mu gisagara ca Rumonge yashize umukenyezi wiwe ku rupapuro ndangatongo bita « Certificat Foncier » kugira ashobore kurukoresha mu gusaba ingurane.
Tubanje gusoma amategeko y’Uburundi ico avuga dusanga « igisata ntunganyamatongo ku rwego rw’amakomine mu Burundi gishirwaho n’itegeko riraba ibijanye n’amatongo.Ico gisata catanguye gukorera mu makomine amwamwe hagati y’umwaka 2007-2008, ariko muri komine Rumonge kikaba catanguye gukora kuva mu mwaka w’2021.
Muri komine Rumonge vyifashe gute?
Ibiharuro biva muri ico gisata ku rwego rwa komine Rumonge vyerekana ko kuva mu kwezi kwa Nzero gushika muri Ruheshi 2026, abagabo bashika 244 aribo baje gusaba impapuro ndangatongo zo ku rwego rwa komine « Certificat Foncier « . Abo bose bakaba barashize abakenyezi babo kuri izo mpapuro. N’ubwo bir’uko, hari n’abandi bagabo bagitinya kuza gusaba izo mpapuro ndangatongo kubera ko banka ko abakenyezi babo bashirwa kuri izo mpapuro na rirya muri komine ata mugabo baha « Certificat Foncier » atemeye gushirako umukenyezi wiwe.
Ntiranyibagira Evariste, aserukira vy’imfatakibanza igisata ntunganyamatongo muri komine Rumonge asigura ko basaba ko umukenyezi ashirwa ku rupapuro n’umugabo bubakanye mu ntumbero yo gukingira umukenyezi mu bijanye n’ubutunzi bw’umuryango.
Abagabo bamwebamwe baramaze gutahura akamaro ko gushira abakenyezi babo ku mpapuro ndangatongo.
Ndirariha Jacques umwe mu bagabo bo mu gisagara ca Rumonge yashize umukenyezi wiwe ku rupapuro ndangatongo asigura ko : « icatumye abikora ar’uko umugore ari inkingi y’urugo, yarasinye ko bazobana gushika gupfa, nta kabuza ko yomushira ku nkaratasi z’itongo kuko bishobora gushika bakakira ingurane hamwe gutyo bakiteza imbere mu gukora imigambi. «
Abakenyezi bati kwandikwa k’urupapuro ndangatongo ni kuronka urufunguruzo rw’iterambere.
Hari numwe mu bakenyezi bo mu gisagara ca Rumonge atashimye ko tumuvuga izina, aremeza ko uwo bubakanye yamushize ku rupapuro ndangatongo aca arusabirako ingurane bituma biteza imbere mu muryango wabo.Yaba uwo mugabo canke uyo mukenyezi bose bahamagarira abagabo bagifise ingendo yo kutorohereza no kutizera abo bubakanye mu bijanye n’ubutunzi bw’umuryango kuvavanura nayo kuko iterambere ry’umwe rigoye cane.
Nayo Ibiharuro biva mu gisata ntunganyamatongo muri komine Rumonge vyerekana ko mu mezi 6 y’umwaka wa 2026 abakenyezi 27 aribo bakiriwe baje kwandikisha amatongo yabo kandi bashizeko n’abagabo bubakanye.
Abubakanye badakorera hamwe, vyugururira umuryango w’ubukene mu miryango yabo.
Ku bwa Patiri Sindayikengera Cyriaque, umuhinga mu bijanye n’iterambere ryo mu kibano, ahamagarira abagabo gukorera hamwe n’abakenyezi babo mu ntumbero yo gutez’imbere imiryango. Uwo muhinga atomora ko mu gihe abubakanye badakorera hamwe, vyugururira umuryango w’ubukene mu miryango yabo.
Mu Kirundi bagira bati : « umutambukanyi » bisigura ko umutwe umwe utigira inama. Umugabo n’umugore ni abatambukanyi kuko n’aho badasa barunganiranira.Bivuze ko umugabo arafise impano ziwe n’ingabirano ziwe n’umugore arafise impano n’ingabirano ziwe, bisigura ko hagize uwuvamwo canke uyundi akikumira canke agakumirwa haca haba hariho agahaze. Abakenyezi mw’iteka ryabo bubahirizwe.
Sindayikengera avuga kandi ko umuntu atari gati ka Waga, ntiyirebanga we nyene ubwiwe, bivuze ko mu muryango ari ishirahamwe ridasanzwe hagati y’umugabo n’umugore kuko bafitaniye ubumwe. Ni magiriranire mu bijanye no gutunganya ubutunzi, ibituma urukundo rwabo rutotahara.Kwinubana ni irembo ryugururira ubukene yamara ubumwe n’urukundo no kwumvikana, gufashanya, vyose ni irembo ryuguruye ry’iterambere. Ni naho hava ko umuntu avuga ko umukenyezi afise uruhara runini mw’iterambere ry’ibihugu n’intara. Abakenyezi basigaye inyuma mw’iterambere ntibikunda ko iryo terambere ritera intambwe.
Umugabo ni umutwe w’urugo ariko arunganirwa na mugenzi we. Sindayikengera agirako atera akamo abagabo ko aribo bategetsi mu ngo zabo (directeur général) aratanga amategeko nivyo ariko atibagiye y’uko umutwe w’umwe ntiwigira inama ni magiriranire, niyakumira umukenyezi wiwe azoba ariko arakumira iterambere, ibintu bigenze neza bishirwa umugabo bibaye nabi bitukwa we kuko ari Serugo.
Mufise ico mwotuyagira ku bijanye n’amatongo canke ico mubaza, hariho ico iyi nkuru ibunguye mwotwandikira kuri 68 007 000. Ivyiyumviro vyanyu birahawe ikaze!
Inkuru yakoze na : Frank BARANDEREKA na Ange Nadia KWIZERA.

