Ivyo, bivugwa n’abaganiriye n’insamirizi ShimaFm kuri uyu wa 23 Mukakaro 2026 baba ku mutumba Rwintare zone Makamba komine Mwaro intara ya Gitega. Abo benegihugu bavuga ko hari ingingo bahora bafatirwa bikaboneka ko ar’iz’agahotoro. Uturorero batanga ni nko gucibwa amahadabu adasiguritse, nko gusasa amabuye (pavage)Ingingo z’agahotoro zifise ingaruka harimwo ishavu, imyidogo mu kibano no gushikana ku mabi y’ikivunga.
Mu ntwaro bavuga iki?
Harimenshi Salvator, umukuru w’umutumba Rwintare avuga ko uri umutware ugafata ingingo y’agahotoro uba uciyemwo imigwi abujejwe kandi ubutaye agaciro.
Abize ibijanye n’amategeko harico babivugako.
Alain Désiré Bukeyeneza, umumenyeshamakuru akaba numwe mu banonosoye ibijanye n’amategeko avuga ko igituma hari abafata ingingo z’agahotoro rimwe na rimwe ni kutamenya aho abantu bageza mu gufata ingingo, ibigira ingaruka mbi harimwo amabi.Ikindi uyo muhinga avuga n’uko abantu bashobora kugira akamenyero ivyo kutubaha amategeko. Bukeyeneza asaba indongozi kwama zifata ingingo zikwirikije ico amategeko avuga no kwama zibanza guhanuza abo bikorana kugira birinde ingingo z’agahotoro canke zidakwirikije amategeko.

