Amatora 2027: Gabriel Banzawitonde, umukandida igira kabiri amenyekanye ko azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka 2027

 Kuri uyu wa 28 Ruheshi 2026, umugambwe APDR -Abanyamahoro wari mw’ikoraniro kaminuza ryo gutora umukandida azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu 2027.

 Abahurikiye mu mugambwe w’Abanyamahoro batoye izina rya Gabriel Banzawitonde ngo abe ariwe azohiganwa n’uwatanzwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye asanzwe aramutswa igihugu c’Uburundi uno munsi.

 Ico kumenya : APDR ubaye umugambwe igira kabiri umaze gutanga umukandida azokwitoza mu matora y’Umukuru w’igihugu inyuma y’umugambwe Cndd-Fdd.

par admin

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *