Umukenyezi azwi kw’izina rya Ntihebuwayo Jacqueline asaba ubufasha kuko afise umwana w’amezi 10 atari rwiwe, bikamugora
Uyo tuvuga ni umukenyezi aba ku mutumba wa Centre Urbain mu gisagara ca Rumonge. Intandaro ya vyose uyo mukenyezi yatanywe umwana n’umwigeme atazi yamara yamusanze mu bitaro agwaje umwana wiwe hamwe n’uyo mukobwa ariko ntiyari azi ko yibungenze.
Ntihebuwayo Jacqueline ageze gutaha muhira avuye mu bitaro niko kubwirwa n’uyo mwigeme ko ashaka ko batahana. Bamaze gushika, uyo mwigeme yaciye atangurwa kwikekwa ko yibungenze maze aca asanga nivyo.
Uyo mwigeme amaze kwibaruka, yaciye atana umwana Ntihebuwayo Jacqueline, amezi 10 niyo uyo mwana afise gushika ubu.
Ntihebuwayo ngo ntariko aroroherwa mu kurera uyo mwana kuko afise n’abandi bana. Agasaba ababishoboye kumufasha kugira ngo uyo mwana ashobore gukura neza 
Ek n’ababanyi ba Ntihebuwayo Jacqueline ngo baramusahiriza mu vyo bashoboye kuko babona uburemere afise bwo kumurera.

