Ikigo OBUHA cahagaritswe mu bikorwa vyo kwubaka ibigo vyo kugwirizamwo inkwavu

Hari mu rugendo Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arikumwe n’Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’uwujejwe inyubako bagize bagendera ahariko hubakwa ikigo kizogwirizwamwo inkwavu kiri muri Komine Ikaruzi mu ntara ya Gitega.
 Muri urwo rugendo, Umukuru w’igihugu yasanze ibikorwa bitifashe neza kuko ibimaze kurangurwa bidahuye n’amafaranga amaze gukoreshwa, ayagera ku miriyaridi 2. 291.000.000 z’amafaranga y’amarundi ndetse n’aho ibikorwa vyari bigeze kuva muri 2023 n’ubu ngo ata kinini kiriyongera.
 Umukuru w’igihugu akaba yaciye afata ingingo yo guhagarika OBUHA mu bikorwa vyo kwubaka ibigo vyo kugwirizwamwo inkwavu.
 Prezida Ndayishimiye yaciye amenyesha ko hagiye kurungikwa umugwi uzosuzuma ivyakozwe n’ingene amafaranga yakoreshejwe.
Inkomoko RTNB

par admin

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *