Ivyo vyashikirijwe na Nkunzimana Jean Bosco arongoye igisata mu vyo kijejwe harimwo gutegura no gukurikirana imigambi ya komine Rumonge.
Yabishikirije kuri uyu wa 23 Ruheshi 2026 mu nama yo kurabira hamwe ivyaranguwe mu mwaka wa 2025-2026 yateguwe na Musitanteri wa komine Rumonge Augustin Minani.
Ni muri mugambi wa Reta y’Uburundi w’uko uno mwaka w’ishure 2025-2026 worangira ata munyeshure yicara nabi mw’isomero « Zéro enfant mal assis », aho buri komine igenewe imiriyoni 100 zo gukoresha intebe.
Muri komine Rumonge y’intara ya Burunga uryo bumaze gutangwa na Reta burenga gato 572. Muri ayo, ayamaze gukoreshwa arenga imiriyoni 80 y’amarundi.
Nayo ishure ry’imyuga CFP Rumonge niryo rifise mu minwe isoko ryo gukora intebe zose zizokenerwa muri komine Rumonge kuko bazikora neza kandi bakora izikomeye nk’uko bimenyeshwa na Musitanteri wa komine Rumonge Augustin Minani.
Mu mafaranga Reta yatanze mu migambi wo gukora intebe, komine Rumonge imaze gukoresha ibice 14 kw’ijana. Ibice bisigaye, komine Rumonge ibwirizwa kuba yakoresheje ivyo bice bisigaye vyababa imiriyoni 500 hatarenze igenekerezo rya 15 Myandagaro 2026 nk’uko bishikirizwa na Augustin Minani, Musitanteri wa komine Rumonge.


