Ibice 125 kw’ijana nivyo vyiyongereye ku burusho bw’amakori « Exonération » bwari butegekanijwe mu mafaranga Reta yakoresheje mu mwaka 2024-2025.

 Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Alain Ndikumana ku wa 13 Rusama 2026 aho yari umutumire mu Nama Nshingamateka.

 Umushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko ‘exonération’ itanzwe ni ‘dépenses’ kuri Reta. Mu mwaka w’amafaranga 2024-2025, hari hategekanijwe imiriyaridi 110 yamara muri ‘réalisation’ yabaye imiriyaridi 225, ayarenga ibice 125 kw’ijana, ari naco gituma hakwiye gutunganywa ingene uburusho.

 Hariho uburusho bwatanzwe ku mashirahamwe afasha mw’iterambere angana n’imiriyaridi 72.
 Ibikoresho vya nkenerwa mu gisata c’uburimyi « intra-agricole » yahawe akarusho imiriyaridi 53, abagwizatunga nabo bahawe uburusho bw’imiriyaridi 52, hamwe n’imiti yatwaye uburusho bw’imiriyaridi 14 hamwe n’intererano ihabwa Reta ingana n’imiriyaridi 12.

 Ndikumana Alain akavuga ko hakwiye kwigwa gushasha ingene uburusho ku makori butangwa.

par admin

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *