Vyasabwe na Minani Augustin, arongoye komine Rumonge kuri uyu 20 Rusama 2026 mu nama yagiranye n’abarongoye amato akorera ku kiyaga Tanganyika, igice ca Rumonge.
Minani atangura yibutsa ko indamukanyo y’amahoro ihagije anibutsa ko abantu bahamagarirwa kureka kuramukanya bakoranako kuko ingwara zandukira si Ebola gusa, kuramukanya, uhandurira n’izindi ngwara nyinshi .
Musitanteri ahamagarira abarovyi kutaja kurobera mu gihugu ca Kongo canke bagiye yo ntibegere abanyekongo cane cane mu kuramukanya no hagati y’abarovyi ubwabo, birinde kuramukanya.
N’aho ikiza ca Ebola kitarashika mu Burundi, ntitwokwijajara, abenegihugu bahamagarirwa kwama bibuka amabwirizwa y’isuku harimwo gukaraba, kutaramukanya, kutarya ibikoko vyipfishije…nk’uko vyibutsa na Musitanteri wa Rumonge, Augustin Minani.


