Abo tuvuga ni abenegihugu baba ku mutumba Mugomere komine Rumonge y’intara ya Burunga. Amakenga yabo bayashikirije mu nama yabaye mu ndwi iheze igirishijwe n’umukuru wa zone Rumonge umutumba wa Mugomere utwarwamwo, Hamsa Sinankwanabose.
Imigwi y’urwaruka rwicara ku mabarabara ataco ruriko rurakora iguma irwira kuri uyo mutumba. Ndetse n’iyo hagize uwuterwa, agatabaza, ababanyi ntibamutabara, ibituma ubusuma buriko buragwira, nk’uko abenegihugu babisigura.
Bano benegihugu basaba intwaro kugira ico ikozwe kugira ingeso y’ubusuma ituzwe.
Hamsa Sinankwanabose, arongoye zone Rumonge ari nawe yagirishije iyo nama yahamagariye abanya Mugomere kwirarira maze hagize uwo bafata, bamushengeze batihaniye.
Ubusuma bwo mu nzu nk’ubwo bukaba bwari bumaze kwibonekeza no ku yindi mitumba igize zone Rumonge ari yo Rukinga, Gihwanya na Birimba.

