Ugishika ku mitumba ya Busebwa na Gatete, hibonekeza umufurege muremure n’imiringoti mininiminini yari igenewe gutwara amazi yo kuvomera imirima na canecane y’umuceri iri ahitwa i Busambi.
Nk’uko bivugwa n’abenegihugu birimizi begereye ahariko hararangurirwa uwo mugambi PRDAIGL muri zone Gatete, ngo uyo mugambi watumye uruzi Gafunzo rwavomera imirima ruta inzira maze imirima yabo ic’iruma mu gihe uwo mugambi wahagaze bari bawubona nk’urukiza mu kurwanya inzara no kugwiza umwimbu.
Ikindi cibonekeza ngaho i Busambi ni imirima y’umuceri yononekaye ikuma kubera izuba kuko ironka amazi imvura iguye.
Abo barimyi basaba ko umugambi wobandanya canke umufurege waciye kugira ngo ushiremwo amazi yo kuvomera ufurirwe kugira imirima ibandanye nk’uko vyari kera.
Umukuru w’umutumba Gatete, Barandereka Hilaire yemeza ko abenegihugu bagumye bahabwa umuhango ko ibikorwa bigiye kubandanya yamara n’ubu bikaba bitarasubira gutangura.
Uno, asaba ko uyo mugambi wari ugamije kuvomera imirima wobandanya kugira abenegihugu bazoshobore kurima mu ci no mu gatasi nk’uko vyari mu mahangiro.
Insamirizi Shima fm yakuye kuri téléphone Musitanteri wa komine Rumonge Augustin Minani ngo tumubaze nimba uyo mugambi wo kuvomera imirima ku mitumba ya Busebwa na Gatete uzobandanya, yatumenyesheje ko :
« Inyuma yo kurangiza ibikorwa vyariko biratunganywa na PRDAIGL, Reta y’Uburundi niyo yaciye ifata mu ntoke ibikorwa muri komine Rumonge. Bakaba biteze ko ivyo bikorwa bigiye kubandanya. »
Minani ahamagarira abarimyi kubandanya biyungunganya ukwo bahora biyungunganya mu gutunganya imirimo yabo imbere y’uko ibikorwa vyari vyarahagaze vyobandanya.


