Mu mwaka w’amafaranga 2026-2027, Ayagera ku miriyaridi ibihumbi 6.296,03 y’amarundi niyo azokwinjira muri Reta mu gihe ayazokoreshwa arenga gato imiriyaridi ibihumbi 7 y’amarundi.
Ivyo ni I vyemejwe n’Inama Nshingamateka mu gaturuturu ko kuri uyu wa 13 Ruheshi 2026 aho Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Alain Ndikumana yariko arashikiriza Abashingamateka integuro y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2026-2027.
Integuro y’ibwirizwa itegekanya ko hazokwinjira amafaranga agera kuri miriyaridi 6.296,03 y’amarundi mu gihe ayazokoreshwa agera ku miriyaridi ibihumbi 7. 020.612.152. 951 y’amarundi.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Alain Ndikumana, avuga ko igihengeri cibonekeza muri iyo nteguro y’ibwirizwa gituruka mu gushira imitahe ya Reta mu bikorwa vy’iterambere, hisunzwe ivyihutirwa Reta yashinze kugira ngo ifashe guteza imbere igihugu hamwe no gusanura inyubako rusangi, kandi hashirwe mu ngiro poritike nziza y’imishahara.
Naho bir’uko, Umushikiranganji Alain Ndikumana yizeza ko ubutunzi buzokwiyongera ku bice 5,5 %, kuko hari ivyiza biboneka nko gushora hanze y’igihugu amabuye y’agaciro, ikawa, icayi, ivoka, na Pacuri, n’ibindi.

